Trulli
Yarashwe n’umukunzi we bamaranye imyaka 5 ahita arangiza ubuzima…
0 Comment 133

Yarashwe n’umukunzi we bamaranye imyaka 5 ahita arangiza ubuzima…

IMUHIRA

Nomathemba Ngeleka warashwe n’umukunzi we.

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 11/11/2017 Leta ya Afrika y’epfo yatangaje urupfu rw’umwe mubasirikare babo barinda umutekano muri Congo, Nomathemba Ngeleka.

Amakuru atugeze ho aravuga yuko Nomathemba Ngeleka, w’imyaka 27 y’amavuka ukomoka muri Afrika y’epfo yarashwe n’umukunzi we ubwo bari mw’ikambi ya gisirikare aho bari basanzwe bakorera. Uyu mukunzi wa Ngeleka bari bamaranya imyaka 5 bakundanye.

Umuvugizi wa SANDF(The South African National Defence Force), General Mafi Mgobozi yavuze yuko uyu musirikare warashwe ndetse agahita yitaba Imana umubiri we uzajanwa iwabo muri Afrika y’epfo kwa Zulu-Natal.

Ngeleka, yinjiye igisirikare, muri infantry batayo ya 5, mumwaka wa 2011, muri Afrika y’epfo  ahitwa Ladysmith.

Nyuma yo kurasa umukunzi we, uyu muhungu yagerageje kwirasa kugira ngo nawe apfe ariko ntibyashoboka kuko yirashe arakomereka, bahise bamwaka imbunde ye. Ubu akaba ari mubitaro aho ari gukurikiranwa n’abaganga.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top