Trulli
Uyu munsi wakazirimwe mu ntara ya kivu yamajepfo hateganyijwe imyigaragambyo y’abatavuga rumwe na leta…

Uyu munsi wakazirimwe mu ntara ya kivu yamajepfo hateganyijwe imyigaragambyo y’abatavuga rumwe na leta…

IMUHIRA

Patient Bashombe umuyobozi wa sosiyeti sivile Sud-kivu.

SUD-KIVU,CONGO – Ihuriro  ry’amashaka atavuga rumwe na leta, sosiyete sivile n’amashirahamwe atandukanye y’abaturage mu ntara ya Kivu yamajepfo, arahamagarira abaturage batuye iyi ntara kwitabira imyigaragambyo kuri aka kazirimwe ku minsi 1/11/2017.

Iyi myigaragambyo ngo igamije gusaba ko habaho amatora nk’uko  amasezerano ya Saint Sylvestre abiteganya.

Mw’itangazo ryashizwe ahagaraga ku munsi wejo, itangazo ryashizweho umukono n’abantu bagera kuri 12 baturuka mu mashaka atandukanye nka UDPS, LUCHA, NDSCi, l’UNC , bahamagariye abaturage kutarema isoko, gukingura amaduka, kuja kuma banki, amashuri ndetse n’amaresitora.

Abaturage basabwe kuguma mu mazu yabo nk’uko iri tangazo rikomeza rivuga.

Tubibutse ko ku munsi wejo aribwo byaribiteganyijwe ko Kabila arekura ubutegetsi nk’uko amasezerano ya Saint Sylvestre abiteganya, kuruyu munsi kandi uwahoze ari umukuru w’igihugu wungirije Jean Piere Bemba ufungiwe i La Haye, yahamagariye abanyecongo bose guhaguruka bakamagana ubutegetsi bwa Kabila bivuye inyuma.

Hagati aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntabwo bashigikiye inzibacuho iyobowe na perezida Kabila.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top