Sat. Jul 20th, 2019

Mulenge Press Channel

Umwe mu ngabo za Yakutumba yafashwe i Baraka.

Byibuza imbunda zigera kuri 6 zo mu bwoko bwa AK47 nizo zafashwe n’ingabo za leta, FARDC, mu gitero cabaye kuri aka kabiri ku minsi 26/12/2017  ku nyeshamba za mai mai.

Iki gitero cabereye mu gace ka Kalunja mu muhana wa Baraka muri Fizi, cakozwe ningabo za leta ziri muri regima ya 3301 mu muji wa Baraka.

Nyuma yuko mai mai ihunze igata bimwe mu bikoresho ndetse bamwe bagafatwa amateka, ingabo za leta zamurikiye itangazamakuru rikorera i Fizi, abarwanyi ba mai bafashwe ndetse n’imbuna zafashwe.

Umwe mu ngabo za Amuri Yakutumba bivugwako ariwe warinyuma yabagizi ba nabi baribagoye abagenzi bakoresha ibarabara ry’a Fizi nawe yafashwe amateka n’ingabo za FARC.

AFP ivugako mwiyinga rishize iri barabara ryaguyemo ingabo za leta zigera kuri 9, ingabo za leta zikaba zaboneyeho akanya ko kubuza bamwe mu basore barara irondo muri Fizi bazwi kwizina rya « Balalarondo » guhagarika iyi gahunda kuko nabo bakwekaho kubangamira abagenzi.

 

 

 

Sangiza Abandi Inkuru

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *