+243 815 677 058   [email protected] Umwe mu ngabo za FARDC yatawe muri yombi azira icaha co kwiba…
Mon. Dec 16th, 2019

Mulenge Press Channel

Umwe mu ngabo za FARDC yatawe muri yombi azira icaha co kwiba…

KAMANYOLA, SOUTH KIVU – Nagatatu gashize ku minsi 20/11/2019 nibwo umwe mu ngabo za FARDC yatangiye gukekwa ho ibikorwa byo gusahura No kwiba imirima y’abaturage bo mu Kamanyola. Uyu musirika akaba yaraye afatiwe mu murima w’inyanya (tomates) aho bivugwa yuko yari kwiba inyanya z’abaturage nkuko yari asanzwe abigenza.

Nkuko tubikesha bamwe mu baturage bo mu Kamanyola, bavuga yuko uyu musirikare yafatiwe muri uyu murima ahagana mu masaha ane ya mugitondo (10AM) i Kamanyola.

Nkuko byatangajwe na nyiri uyu murima avuga yuko atari ubwa mbere kuba aba basirikare bakomeje kumwangiriza imirima ye. Avuga yuko we adashobora gutaho impfane aba basirikare ahubwo ko impfane azita kuri leta ya Congo. Akaba avuga yuko ibi byose aba basirikare babikoreshwa no kudahabwa umushahara uhagije na leta ya Congo.

Aganira n’urubuga www.imurenge.com uyu nyiri murima yavuze yuko ejo Nagatanu hashize uyu musirikare yongeye kugaruka kwiba muri uyu murima ari nabwo yaje kuwufatirwa mo n’urubyiruko yari yamaze kwiyambaza.

Avuga yuko uyu musirikare atagiriwe amahirwe yo gutwara ibyo yari yaje kwiba kuko ngo yakomeje kwirwana ho ariko abaturage ngo bihutiye kwiyambaza ingabo za leta zikorana n’uyu musore ari nabwo yaje gutabwa muri yombi.

Bikaba bivugwa yuko uyu musirikare yajanwe i Bukavu akuwe muri Regiment ya 33 ikorera aho Kamanyola. Uyu akaba ngo yajanwe i Bukavu kugira ngo ariho azakurikiranwa n’inzego z’iperereza za gisirikare.

Abaturage ba Kamanyola bakaba bavuga yuko ibi byose biterwa na leta kuko idahemba neza abasirikare. Benshi muri bano baturanmge bakaba bavuga yuko uyu musirikare arenganwa kuko bigaragara yuko yagiye kwiba bitewe n’inzara.

 

PLEASE ADVERT WITH US
Sangiza Abandi Inkuru

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *