Trulli
Umuyobozi w’abiyahuzi b’aba Taliban, Khalid Mehsud yishwe n’indege za drone z’Abanyamerika…

Umuyobozi w’abiyahuzi b’aba Taliban, Khalid Mehsud yishwe n’indege za drone z’Abanyamerika…

AYO MUMAHANGA

PAKISTAN, ISLAMABAD – Ku minsi 12/02/2018 abiyahuzi b’abatalibani bo mu gihugu ca Pakistani batangaje kumugaragaro ko umuyobozi wabo ukomeye, Khalid Mehsud, yishwe mu gitero c’indege z’Abanyamerika (drone attack).

Image result for Khalid Mehsud

Khalid Mehsud wishwe n’Abanyamerika…


Mehsud niwe wari icegera c’umuyobozi wa (TTP) Tehrik-e Taliban Pakistan, agatsiko k’intagondwa z’aba Islamist Pakistani Taliban.

 

Mugitero cagabwe mu kwezi kwa 12, abiyahuzi b’izi ntagondwa bateye amasomo i Peshawar muri Pakistani. Muri kino gitero hapfuye abantu icenda ndetse hakomereka abandi 36.

Urupfu rwa Mehsud rwaciye intege abarwanyi b’abatalibani. Mw’itangazo ryabo batanze, byerekanye ko bababajwe n’urupfu rw’uyu muyobozi wabo kuko ngo yari intwari k’urugamba nkuko babyivugiye.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top