Umushitsi muri Taiwan wahitanye bane abandi barakomereka…

Umushitsi muri Taiwan wahitanye bane abandi barakomereka…

AYO MUMAHANGA

TAIWAN, TAIPEI – Igihugu ca Taiwan caraye cibasiwe n’umushitsi (Nyamugigima) ukomeye wahitanye abantu bane abandi barenga 200 barakomereka; amazu menshi nayo akaba yakundutse.

Biravugwa ko uyu mushitsi wari ufite imbaraga za magnitude zigera kuri 6.4 magnitude. Hari mu masaha atanu y’ijoro (11:50) ubwo uyu mushitsi wateye mumuji wa Hualien, Taiwan gituwe mo n’abantu barenga 100,000.

Amabarabara menshi yakundutse…

Biravugwa ko hari n’abandi bantu barenga 140 batarahuruka imusozi, ubwo uyu mushitsi wateraga aba bantu bose bari munzu yitwa Yunman Cuidi, bikaba bivugwa ko babuze uburyo basohoka muri iyi nzu kuko bazitiwe n’ibihome byasibye inzira bari gucamo. Kurubu ntibaramenya irengero ryabo.

Yunman Cuidi, Inzu yari ikomeye nayo yakundutse…

Mu mashusho yafashwe n’ikinyamakuru The Star Online, arerekana uburyo iyi nzu yakundutse. Reba video.

Abantu bashika 143 nibo baraboneka, nkuko ikinyamakuru The Star Online kivuga.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top