Stephen K. Bannon, yahawe amasaha 24 yo guhindura imvugo cyangwa kwitaba urukiko…

Stephen K. Bannon, yahawe amasaha 24 yo guhindura imvugo cyangwa kwitaba urukiko…

AMERIKA

WASHINGTON, U.S.A – Ku minsi 5/1/2018 abanyamategeko ba Donald Trump, Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika basabye Stephen K. Bannon, wahoze ari umwe mu bajanama ba Perezida Trump guhagarika gukomeza gukwirakwiza amakuru y’amabanga cangwa kwitaba urukiko.

Stephen Bannon yahoze uri umwe mu bajanama wa Perezida Trump mu bijanye gutegura  no gushira mu bikorwa imwe mu migambi. Stephen aravugwa mu bantu batanze ubuhamya mugitabo, Fire and Fury: Inside the Trump White House (canditswe n’uwitwa Michael Wolff )casohoye amwe mu mabanga ya Perezida.

Stephen na Perezida Trump bahoze ari inshuti magara.


Biravugwa yuko iki gitabo gikubiyemo amwe mu mabanga akomeye y’umuryango wa perezida Trump ndetse na Perezida ubwe. 
Ibyavuzwe muri iki gitabo ntibyigeze bishimisha na gato Perezida Trump, aho yavuze ko ibyo Stephen Bannon akomeje gukora ari ikimenyetso ko ubwo yirukanwaga ku kazi yahise atangira gukora ibinyuranye n’amategeko.

Stephen Bannon, uregwa gukwirakwiza amabanga y’umuryango wa Perezida Trump…


Inkuru dukesha ikinyamakuru The Washington Post kiravuga ko hari urwandiko, Charles Harder, umunyamategeko wa Trump yandikiye Bannon avuga ko yateshutse ku masezerano yari yarasinye yamubuzaga kugira ico atangaza ku bijanye no kwiyamamaza cangwa umuryango wa Perezida Trump.
Stephen Bannon yasabwe guhindura inyifato no guhagarika kugenda akwirakwiza amabanga y’umuryango wa Perezida Trump. Stephen ndetse yanahawe amasaha 24 yo kuba yo gusaba imbabazi cangwe kwisigura ku makosa yakoze. Yanabwiwe ko niba bimunaniye ashobora kugezwa imbere y’urukiko.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top