Trulli
Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe yagiranye ibiganiro n’umukuru w’igisirikare General Constantino Chiwenga.

Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe yagiranye ibiganiro n’umukuru w’igisirikare General Constantino Chiwenga.

AFRIKA

HARARE, ZIMBABWE – Ku minsi 16/11/2017 Perezida Robert Mugabe n’umukuru w’igisirikare, General Constantino Chiwenga bagiranye ibiganiro biherereye bonyine.

Kugeza ubu ntanumwe uramenya icavuye muri biganiro hagati ya Prezida Robert Mugabe, na General Constantino Chiwenga.

Ibi biganiro byari bihagarariwe n’intumwa kuva muri Afrika y’epfo zari zaje gukemura ikibazo kigize iminsi ibiri muri Zimbambwe.

Perezida wa Zimbabwe Robert Mugabe…

Perezida Mugabe arasa n’ufungishijwe ijisho kuko kuva aho igisirikare cigaruriye ubutegetsi bwa Zimbabwe, ntarigera asohoka munzu ye.

Mugabe na General Chiwenga nyuma y’ibiganiro.

Morgan Tsvangirai, utavuga rumwe na leta yahamagariye Perezida Mugabe gutanga ubutegetsi hakiri kare.

Biravugwa yuko igisirikare ca Zimbabwe cafashe uyu mugambi muburyo bwo kubuza umugore wa Perezida Mugabe, Grace Mugabe kumutsimbura k’umwanya w’umukuru w’igihugu.

_________________

– Gira Ico Uvuze –

[democracy id=”current”]

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top