Trulli
Nubwo imyaka 57 ishize Patrice Lumumba yishwe, abanyecongo barasaba Ububiligi ubutabera

Nubwo imyaka 57 ishize Patrice Lumumba yishwe, abanyecongo barasaba Ububiligi ubutabera

IMUHIRA

KINSHASA, RDCONGO –  Ku munsi wejo nakazirimwe ku minsi 26/11/2017,imbere y’inybako nshasha ya ambasade y’ababiligi  i Kinshasa habaye imyiyerekano y’abantu barenga 50 basaba ko haboneka ubutabera ku bw’icanyi bwa Patrice Lumumba.

Abapolisi bagera kuri 20 nibo baribacunze umutekano wabigaragambyaga, imyiyerekano yabaye mu mahoro doreko igipolisi kitigeze c’irukana abigaragambyaga.

Iyi myigaragambyo yabaye mu gihe Didier Reynders, ministiri w’ububiligi ushinzwe ububanyi n’amahanga,ubucuruzi mpuzamahanga, yariko ayobora umuhango wo gutaha kumugaragaro inyubako nsha ya ambasade y’ububiligi  muri repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Tubibutseko mu kwezi gushize kwa 10, ishirahamwe ryitwa « Lisanga Lumumba » yateguye imyigaragambyo yabereye ku nyubako ambasade yababiligi yahoze ikoreramo, aba nabo basabaga nanone ko haboneka ubutabera ku bw’icanyi bga Patrice Lumumba.

Patrice Lumumba waharaniye ubwigenge bwa Congo, yahoze ari minisitiri w’intebe mu cahoze citwa Zaire, yavutse ku minsi 2/7/1925, yishwe ku minsi 17/1/1961 i Lubumbashi.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top