Nta ndege yituye ku kibuga c’indege ca Shabunda uyu munsi kubera imyigaragambyo…

Nta ndege yituye ku kibuga c’indege ca Shabunda uyu munsi kubera imyigaragambyo…

IMUHIRA

SUD-KIVU, CONGO –  Nk’uko byaribiteganyijwe, uyu munsi wagatatu ku minsi 23/11/2017 muri kivu y’amajepfo mu burasirazuba ba Congo hakozwe imyigaragambyo isaba ko perezida Kabila yatanga ubutegetsi.

Amakuru ya mugenzi wacu uri Bukavu, avuga ko uyu muhana mukuru wintara ya kivu yamajepfo waranzwe  n’ituze ryinshi ndetse ibikorwa byinshi birimo iby’ubucuruzi bikaba bitakozwe.

Perezida Joseph Kabila.

Uruja nuruza rwabantu basanzwe i Bukavu ntabwo rwagaragaye cane uyu munsi.Ku birometero 300 gusa n’umuji wa Bukavu ku kibuga ca Shabunda, bivugwako indege yanyuma iheruka kuhitura ejo n’agatatu, uyu munsi nta ndege nimwe yituye kuriki kibuga ubundi gisanzwe kizwiho ko arico kigemura amabuye yagaciro acukurirwa muri sud-kivu.

Sosiyete sivile yateguye iyi myigaragambyo, ikomeza gusaba ko perezida kabila yva ku butegetsi bityo hagakorwa amatora y’umukuru w’igihugu uzamusimbura bitarenze mu ku minsi 23/12/2018.

Perezida kabila ari ku butegetsi kuva muri 2001, yatowe mu mwaka w’2006 na 2011, kugeza ubu itegeko nshinga ntabwo rimwemerera gukomeza kuyobora igihugu, mu gihe ubusanzwe manda yiwe yarangiye ku minsi 20/12/2016.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top