Trulli
Moïse Nyarugabo muri 32 bazahagarira Sud-Kivu mu nteko nshingamateka ya Congo
1 Comment 117

Moïse Nyarugabo muri 32 bazahagarira Sud-Kivu mu nteko nshingamateka ya Congo

IMUHIRA

Ubgo hatangazwaga abatsinze mu matora y’abadepite k’urwego rw’igihugu k’umunsi w’ejo 11/1/2019, Moise Nyarugabo yaje mubatsinze amatora yo ku minsi 30/12/2018

Moïse wo mu cama ca RCD “Rassemblement Congolais pour la Démocratie” ari muri bane bazahagarira Uvira aho yitoreje, mu nteko nshingamateka y’igihugu. Justin Bitakwira minisitiri w’iterambere kimwe na  Rubota François bari bafite amazina akomeye muri Uvira bo ntibabashije gutsinda.

Mukarere ka Fizi, Rukeba Chirack, Kamanzi Kibibi, Mushengero, Kamenyero, Musirimu nabo bari mubatabashije gutambuka.

Nyarugabo uvuka ku ndondo yari asanzwe mu nteko shingamateka umutwe wa sena kuva mu 2007, aho yanatorewe kuba umwanditsi w’ungirije (Rapporteur Adjoint) kuva mu 2016.

Abahoze ari ba guverineri muri Sud-Kivu; Marcellin Chishambo, Louis Léonce Cirimwami bahoze kimwe na Bahati Lukwebo umukuru w’icama ca AFDC (ica kabiri mugihugu m’ukugira umubare munini w’abadepite) bari mubataratowe n’abanyabukavu.

Muri rusange inteko nshingamateka ya Congo igizwe n’aba depite 500, intara ya Sud-Kivu ifitemwo 32 baturuka muturere 8 (Territoires) hamwe na Bukavumu mu buryo bukurikira

Bukavu : 5

Uvira : 4 

Fizi : 4

Kabare : 4 

Kalehe : 4 

Walungu : 4 

Mwenga : 3

Idjwi : 2

Shabunda : 2

 

Author

1 Comment

  1. Nkunda 13/01/2019 at 8:50 AM

    Ariko birababaje kunva fizi ngutubuze umu dépité kandi ariho murugo ariko kuki biyamamaje ari benshi iyo baja kugira umwe akabaserukira yariguhushuka

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top