Inyeshamba za Raia Mutomboki zagabye igitero ku ingabo za FARDC zikorera mumuhana wa Chiriba…

Inyeshamba za Raia Mutomboki zagabye igitero ku ingabo za FARDC zikorera mumuhana wa Chiriba…

IMUHIRA

SUD-KIVU, CONGO – Ku minsi 7/12/2017 inyeshamba za Raia Mutumboki zagabye igitero ku abasirikare ba FARDC bakorera mukarere ka Chiriba (Buhavu).

Abantu babiri nibo baguye muri iyi mirwano. K’uruhande rwa leta (FARDC) hapfuye umusirikare umwe, ndetse no k’uruhande rw’inyeshamba za Raia Mutomboki hapfuye undi muntu umwe. Iki igitero cabaye mw’ijoro ryakeye rya nagatatu.

Biravugwa ko hari n’undi musirikare k’uruhande rwa FARDC wakomerekeye muri iyi mirwano. Sosiyete Civil ntaco iratangaza kugira ngo tubashe kumenye ko nta wapfuye k’uruhande rw’abaturage.

Ingabo za FARDC nyuma yo kwigarurira akarere…

Ingabo za FARDC zavuze ko zikomeje guhangana n’izi inyeshamba kandi izi inyeshamba zahunze zisubira mubirindiro byazo (aho izi inyeshamba zituye). Umwe mungabo za FARDC yavuze ko begereje kugera mubirindiro bikuru bya Raia Mutomboki. Yavuze ko hasigaye 7km kugira ngo bafate iyi kambi nkuru y’izi inyehsmaba, ndete yanavuze ko umugambi ari kugira ngo bakure ho burundu umutwe w’izinyeshamba za Raia Mutomboki kuko ngo zikomeje gutoteza abaturage.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top