+243 815 677 058   [email protected] Ingabo za Monusco zishika ku 100 zaraye zishitse mu Minembwe
Wed. Nov 20th, 2019

Mulenge Press Channel

Ingabo za Monusco zishika ku 100 zaraye zishitse mu Minembwe

Indege yazanye abasoda ba MONUSCO mu Minembwe

MINEMBWE, 3-Nov 2019 – Ingabo z’umuryango w’abibumbye zirenga 100 zashitse ku kiwanja c’indege mu Minembwe, kur’uyu mugoroba w’iri yinga.

Izi ngabo zikaba zije zivuye ahitwa Kitchanga, muri Nord Kivu. Bakaba bakomoka mu gihugu ca Uruguay n’ Ubuhinde.

Mu minsi yashize ubwo akarere ka Minembwe kakiriga umunyamabanga wungirije wa Monusco, bwana Jean Pierre dela Croix, kuva mu murwa mukuru i Kinshasa, yasezeranije abaturage ko bagiye gukorana na leta ya Congo kugirango bagarure umutekano mur’aka karere.

Umukuru w’ibiro bya MONUSCO muri Uvira, Ganda Abdourahamane, yabwiye itangazamakuru ko bari kwitegura gushira ibirindiro byayo m’uturere dutandukanye; aha twavuga nka Itombwe mu Turambo, Bijombo, na Rurimba.

Kugeza ubu bakaba bamaze gushira ibirindiro byabo muri Gurupema ya Bijombo.

Umubare w’abasoda b’umuryango w’Abibumbye ndetse ba FARDC bakaba bitezweho guhagarika Ibirero by’abarwanyi ba Mai Mai gusa kugeza ubu nta musaruro ugaragara wari waboneka.

Kanda hano hasi maze ureba uko abasoda ba MONUSCO bagenda bashika mu Minembwe.

Uku kuzana aba basoda bibaye mu gihe umutekano w’akarere k’imisozi miremire ukomeje kuba mubi cane, abarwanyi ba Mai Mai k’ubufatanye na Red Tabara, bakomeje kwibasira abo mu bwoko bw’Abanyamulenge n’ibyabo.

Sibyo gusa kubera ko n’abandi bo muyandi moko bagezweho n’ingaruka z’intambara nlo gutwikirwa amazu bya hato na hato mu rwego rwo kwihimura bikozwe n’abasore b’Abanyamulenge bibumbiye muco bise Defense Local.

 

PLEASE ADVERT WITH US
Sangiza Abandi Inkuru

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *