Birabujijwe gutwara inkuru zacyu utabifitiye uruhusha, Twandikire udusabe uruhusha mbere yuko ukora ibyo wifuza

Trulli
Inama y’umutekano yateranye mu Minembwe yiga ku kibazo c’intambara iri mu Rurenge,
0 Comment 142

Inama y’umutekano yateranye mu Minembwe yiga ku kibazo c’intambara iri mu Rurenge,

IMUHIRA

MADEGU, MINEMBWE – Inama y’umutekano ya karere ka Minembwe yateranye kuri kano gatanu umunsi 01/03/2019 yiga ku kibazo c’intambara ihaye ibera mu Rurenge.

Abagize inama y’umutekano bahuriye mu kigo c’ingabo za Monusco, bigira hamwe ikibazo c’imirwano imaze iminsi ibera mu rukarite rwa Monda muri secteur ya Lulenge.

Kulimba Vainqueur umunyamabanga « w’ipposita » ya Minembwe yavuzeko kugeza avugako bataramenya neza umubari w’ibyangiritse ndetse n’abamaze guhitanwa n’iyi mirwano.

Inama y’umutekano yemejeko hatorwa abagabo mu miryango (amoko) yose bakaja iMonda kureba no kugerageza kwumvikanisha impande zose.

N’agatatu ku minsi 27/02/2019 nibgo hadutse imirwano hagati y’abungeri (twirwaneho) n’inyeshamba za Mai mai ubgo abungeri bageragezaga gufata umurambo w’uwabo wari warashwe na Mai mai ubgo izi nyeshamba zategamiraga abungeri bari baherekeje uwabo zikabarasa umwe akhaasiga ubuzima.

Kugez’ubu, ku mpande zombi haravugwa inkomeri ndetse n’abandi benshi bamaze kuhasiga ubuzima, abaturage bo baka bamaze guhunga kariya karere ari benshi.

Ubgo twandikaga iyi nkuru, amakuru atugezeho avugako k’umugoroba wo kuri kano gatanu inka zari mu Matanganika zanyazwe na Mai mai, gusa turacakurikirana ngo tumenye umubari w’inka zoba zanyazwe.

Author

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top