Trulli
Ilundu Fc yageze k’umukino wa nyuma

Ilundu Fc yageze k’umukino wa nyuma

IMUHIRA

MADEGU, MINEMBWE – Nyuma yo gutsinda Gakenke United 2-0, Ilundu Fc yabonye ticket yo kuzakina umukino wa nyuma w’igikombe citiriwe Tora Rukeba Chirack na Bukuru Osée

M’umukino  wa 1/2 wayihuje na Gakenke United none nakane ku minsi 06/12/2018, igice ca mbere amakipe yombi yagiye kuruhuka ari ntabarareba mw’igoro,

Mugice cakabiri amakipe yombi yagarutse mukiwanja akabumbu kama gahindura isura aho ikipe y’Ilundu FC yagarukanye imbaraga ninshi byabonekagako yahinduye imikenyuro itera mw’igoro amashoti akomeye. Kw’idakika ya  mirongitandatu umukinyi Muhorana wari wambaye kane yateye umutwe ishoti ryari rivuye mûri korineri, maze kw’idakika ya mirongitandatu ikipe y’a Ilundu FC iba ibonye ikirazo cambere. Kw’idakika  ya mirongo urunani umukinyi wakinaga kw’icumi John Mbape yatsinze ikirazi ca kabiri, ari naco cashimangiye  icizere co kuja k’umukino wa nyuma  kubasore b’Itombwe.

Ikipe ya Ilundu FC izahura na Zamalek FC k’ umukino wa nyuma, umukino utegerezanwe amatsiko. Zamalek Fc yo mumarango yaza Kivumu vumu niyo yatwaye igikombe giheruka citiriwe Müller Ruhimbika.

Author

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top