Sun. Sep 15th, 2019

Mulenge Press Channel

Ikibazo c’inzara mu Minembwe ngo caba kugiye gutorerwa umuti mugihe kitarambiranye.

Abacuruzi baremye isoko nkuko bisanzwe...

MINEMBWE, SUD-KIVU – Ukuriye ubuhinzi n’ubworozi mu Minembwe arahamagarira abaturage bo mu Minembwe guhinga ibirayi, amateke ndetse n’ibijumba mu kurwanya inzara mur’aya mezi arangiza umwaka.

Abaturage bo mu Minembwe buri gihe muri aya mezi arangiza umwaka bahura n’ibibazo by’inzara.

Abacuruzi bikorera imizigo…

Kuva mukwezi kwa cumi kugeza mukwa mbere buri mwaka, usanga inzara ibica bigacika mungo ninshi mu Minembwe. Aha ngo usanga kubagura ibumba rimwe ry’ibishimbo (bapira mo) ndete n’ifu bizamurwa ibiciro nkuko tubikesha aba baturage bo mu Minembwe.

Abantu benshi bakaba bibaza ibibazo byinshi ariko ngo bitagira igisubizo ku bitera iyi nzara n’uko iki kibazo gishobora gutorerwa umuti.

Abacuruzi baremye isoko nkuko bisanzwe…

Hari abavuga ko iyi nzara iva ku modoka (imiduga) iseha indete z’ibigori n’ibishimbo kugihe c’isarura. Izi modoka ziseha ibi byokurya bija kugurishwa za Uvira, Bukavu ndetse n’ahandi hatandukanye haba mugihugu cangwa hanze yaco. Cane cane ibi ngo bikorwa muci, ariko ngo hagera mugihe c’invura ugasanga aba baturage bo mu Minembwe basigara iheruheru.

Hari n’abandi bavugako ubuhinzi mu Minembwe bukiri kurwego rwo hasi cane kuko usanga abantu bahinga ibigori kandi nabyo ngo ntibyere neza; aba baturage bakaba bita ku guhinga ibigori cane gusumba izindi mbuto.

Kamwaga Jacques, ukuriye ubuhinzi n’ubworozi mukarere ka Minembwe akaba asaba abaturage guhinga izindi mbuto zirimo: ibirayi, ibijumba ndetse n’amateke murwego rwo kurwanya iyi nzara yabaye icorezo muraya mezi yanyuma y’umwaka.

Kubijanye n’isehwa ry’ibyokurya bija kugurishwa ahandi hantu, Kamwaga arasaba ko leta yo kwiga kubijanye n’iki kibazo gituma aba baturage baseha ibi byokurya bakaja kubigurisha ahandi hantu. Ihagarikwa ryo kugurisha ibi byokurya hanze ngo ni murwego rwo kurwanya iyi nzara.

Tubibutseko iyi nzara yahagurukiwe kubera indege ziseha amafu ya Kaunga ziyakura Bukavu, Goma akaja kugurishwa mu Minembwe. Kubera aya mafu avanwa i Bukava akagurishwa mu Minembwe, hamaze kugaragara impinduka ku bijanye n’ibiciro by’ibyokurya aha twovuga umupfuko umwe w’ifu wari usanzwe ugurwa ama dollars mirongo itatu ($30), ubu ukaba igurwa ama dollars mirongo ibiri ($20).

Ifu y’imyumbati (hurure) yarigeze ku mafaranga 7,500 Francs, ubu iri kuri 5,000 Francs. Ifu y’ibigori yarigeze ku 10,000 Francs, ubu iri kuri 7,000 Francs. Ibi biciro ngo bikaba byaratangiye n’agatanu ku minsi 09/11/2018; aha ni mw’isoko y’agatanu yo Kiziba, Minembwe.

 

Sangiza Abandi Inkuru

1 thought on “Ikibazo c’inzara mu Minembwe ngo caba kugiye gutorerwa umuti mugihe kitarambiranye.

  1. Bakoze unité de transformation yibyo bigori. Bakaza bajana produit fini (Kaunga) Bukavu n’ahandi. Bizabafasha guhunika neza umusaruro.

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *