Igisonga co muri Saudi Arabia cahitanwe n’impanuka ya kajugujugu i Yemen.

Igisonga co muri Saudi Arabia cahitanwe n’impanuka ya kajugujugu i Yemen.

AYO MUMAHANGA

Ifoto iva kuri Google…

RIYADH, SAUDI – Ku minsi 5/11/2017 mugihugu ca Saudi Arabia haravugwa amakuru y’urupfu rw’igikomangoma (Umwana w’umwami) cahitanwe n’indege ya kajugujugu ahegereye i Yemen.

Nkuko tubikesha na televisiyo ya Al-Ikhbariya yo muri Saudi Arabia, biravugwa yuko igikomangoma, Mansour bin Muqrin, guverineri wa provensi ya Asir, bari m’urugendo hamwe n’abandi bayobozi ubwo indege yari ibatwaye ahegereye i Yemen.

Saudi Arabia yatangaje yuko ejo ku minsi 4/11/2017 hari igisasu carashwe na Yemen ahegereye kukiwanja c’indege i Riyadh, Saudi Arabia.

Kandi biravugwa yuko muri iyi minsi yombi kuva nagatanu kugeza ejo hashize ku minsi 4/11/2017 abarwanya igiturire bagera ku 11 barashwe bazira gukora imyigaragambyo irwanya ubutegetsi buri ho mumuji wa Saudi Arabia. Aba barashwe bahoze bamagana igikomangoma Mohammed bin Salman.

Igikomangoma Mansour bin Muqrin witabye Imana…

Igikomangoma Mansour bin Muqrin, witabye Imana ni umwana w’uwahoze k’ubwami i Saudi Arabia, Muqrin bin Abdul Aziz, wahiritswe k’ubutegetsi n’umwami Salman mu mwaka wa 2015. Umwami Salman ni avukana n’uwahoze ari umwami Abdul Aziz, Basangiye se ariko kuri ba nyina babiri.

Umwami Muqrin bin Abdul Aziz.

Nubwo bitaramenyekana neza umubare w’abari muri iyo ndege yakoze impanuka, ikinyamakuru Okaz kiravuga yuko nyta muntu n’umwe bashoboye kurokoka.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top