Trulli
Igisirikare kiramagana abasoda bishora m’ubudandaza bg’amabuye y’agaciro

Igisirikare kiramagana abasoda bishora m’ubudandaza bg’amabuye y’agaciro

IMUHIRA

GOMA, NORD KIVU-Kur’uyu munsi w’Agatatu, mu ntara ya Kivu y’amajaruguru, mw’ivile ya Goma, habereye umuhango wo gushiraho ubuyobozi busha bg’akarere ka 34 mu ngabo za FARDC.

Ako karere kakaba kashikirijwe bwana Gen Ilunga Edmond asimbuye Gen Maj Kahumba Isidore kur’uwo mwanya w’ubuyobozi bukuru bg’akarere ka 34 mu ngabo za FARDC.

Amakuru dukesha radio Okapi, mw’ijambo umuyobozi ucuye igihe yagejeje ku baraho, yamaganye ibikorwa byakomeje kuvugwa mu ngabo z’igihugu byo kwijandika m’ubucurizi bg’amabuye y’agaciro hato na hato mu bice bigize iyi ntara. Sibyo gusa kandi yanasabye ko hashirwaho  imbaraga nyinshi mu kurwanya imitwe yitwaje ibirwanisho dore ko yazonze abaturiye aka karere cane.

Mu bandi bayobozi bagiyeho harimo; Brig Gen Innocent Gahizi, akaba ariwe wungirije Ilunga Edmond, we ashinzwe ibikorwa bya gisoda mu gushaka amahoro (Operation) ndetse n’ibikorwa by’ubutasi. Hakaba hagiyeho kandi Kamakangi Corneille, ku mwanya w’ushinzwe ibintu byose nkenerwa mu gisirikare c’aka karere ka 34 (Logistics).

Ibi bikaba byaragenwe n’teka rya perezida wa repubulika iharanira intwaro rusange ya Congo, Joseph Kabila Kabange, rikaba ryarashizweho mur’uku kwezi kwa Karindwi kw’uyu mwaka wa 2018.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top