Trulli
Igikombe c’isi kitarimo ubutaliyani kizaba gifite iyihe sura?

Igikombe c’isi kitarimo ubutaliyani kizaba gifite iyihe sura?

IMIKINO

ROME, ITALIE –  Abakinnyi ndetse n’abafana b’ikipe y’ubutaliyani bose bari mu gahinda gakomeye ndetse n’amarira kuberako babuze itike ibageza mu gikombe c’isi.

Ibi bitewe nuko ari ku nshuro yambere ubutaliyani bubuze itike y’igikombe cisi kuva mu mwaka w’1958, nyuma yo kunganya ku minsi 13/11/2017 na Swedi byatumye Ubutaliyani busezererwa ku kibuga cabwo ca San Siro.

Mu mukino ubanza Ubutaliyani bukaba bwaribwatsinzwe 1-0.

Gianluigi Buffon, capiteni n’umunyezamu wa Italie yahise asezera kw’ikipe y’igihugu.

Kutaboneka u gikombe c’isi , nico catumye capiteni akaba n’umunyezamu w’ubutaliyani Gianluigi Buffon asezera burundu mw’ikipe y’igihugu.

Buffon w’imyaka 39 yamavuko yabwiye abanyamakuru ko biteye isoni cane kubona umukino we wanyuma mu ikipe y’igihugu abura itike yo kuja gukina igikombe c’isi.

Tubibutseko Ubutaliyani ataribwo bwonyine bukomeye bwabuze itike yo kuja mu gikombe c’isi 2018,hiyongereyeho ibihugu by’ibihangangange kw’isi mu kabumbu kamaguru nk’Ubuholandi,Chile,USA, Ghana na Kameruni.

[democracy id=”current”]

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top