Trulli
Hatanzwe infashanyo ku mpunzi za Bijombo

Hatanzwe infashanyo ku mpunzi za Bijombo

IMUHIRA

MINEMBWE, SUD KIVU– Impunzi zigera ku 1307 zahunze ziva muri Gurupema ya Bijombo mu mezi abiri ashize zahawe imfashanyo y’ibiribga ndetse n’imyambaro kur’aka Gatanu.

Umuhango wabereye mu Muhana wo Kurunundu muri CEPAC. Umushitsi mukuri akaba n’umukuru w’iposita ya Minembwe, Mukiza Nzabinesha Gad, yashimiye cane Abanyaminembwe ku gikorwa c’urukundo bagaragtrije bagenzi babo bahunze intambara.

Mukiza Gad ntiyahwemye kugaragaza akabababro aterwa n’abana batabonye uko basubira ku masomo kubera amahoro ataraboneka mu karere kose ka Bijombo.

Yabasezeranije ko agiye gukomeza asaba ubufafasha hirya no hino mu bagiraneza kugirango abana na bagore bari m’ubuzima butari bgiza by’ubuhunzi babone ubufasha, aha aravuga ko kw’ikubitiro bagiye kugana umuryango wa OCHA.

Mu byatanzwe harimo impande, ibitambara, ibishimbo, ibigori, amasabuni, amahuzu y’abana n’abagabo. Ingo zishika ku 180 nizo zabashije kubona izo mfashanyo.

Umuhango wo gutanga imfashanyo ku mpunzi za Bijombo mu Minembwe

Turabibutsa ko kur’aka Kane ingo zishika kuri 40 zabashije gutaha iwabo mu Bijombo.

Intambara yo mu Bijombo imaze igihe kitari gito itangiye gusa uko iminsi yagiye ishira niko ikibazo cagiye gifata ubundi bukana. Imirwana iherutse yumvikanyemo bgambere imbaraga za gisoda ziva mu bihugu bibanyi nk’Urwanda n’Uburundi.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top