Guverineri Julien Paluku abaye uwambere kunenga imiyoborere ya Tshibala.

Guverineri Julien Paluku abaye uwambere kunenga imiyoborere ya Tshibala.

IMUHIRA

Julien Paluku Kahongya guverineri wa Nord-kivu

NORD-KIVU, CONGO –  Mu mpera za rino yinga, mu muji wa Goma nibwo habaye ikiganiro cagenewe abanyamakuru mu rurimi rw’igiswahili, cayobowe na Julien Paluku guverineri w’intara ya kivu yamajaruguru carikigamije kurebera hamwe uburyo umutekano wfashe muri iyi ntara.

Kwikubitiro,Paluku ntabwo yigeze akanja indimi mu kunenga minisitiri musha w’intebe Bruno Tshibala, amushinja cane kurangarana iyi ntara mu gihe kandi yatumijwe kenshi kugirango aze yirebere uburyo iyi ntara yakomeje kuba imwe mu zirangwamo umutekano mukeya.

Julien Paluku Kahongya guverineri wa Nord-kivu.

Arashinja kandi Tshibala kuba ikibazo c’umutekano atarakigize ikibazo kiri kw’isonga mu gihugu.

Mumbarize uyu mugabo utavuga rumwe nubutegetsi uheruka kuba minisitiri w’intebe, kuva aho abereye umuyobozi kuberiki inyeshamba za ADF,FDL ndetse na MAYI MAYI zikidegembya muri kivu yamajaruguru – Julien Paluku –

Bibaye ubwambere umuyobozi ushigikiye ubutegetsi bwa Kabila anenga  imikorere ya Bruno Tshibala, mu minsi ishize nibwo kandi umwe mu badepite bashigikiye ubutegetsi buriho yasohoye inyandiko irega Minisitiri Tshibala ko yakereje kugeza ku nteko ishinga amategeko  ingengo y’imari ya leta y’umwaka w’2018.

_________________

– GIRA ICO UVUZE –

________________________ - Gira Ico Uvuze - Abakobga b'Abanyamurenge bakunze guhura n'imbogamizi mw'ishakwa ryabo, aho ababyeyi babo bashaka kubahitiramo abo bazashakana nabo. Ibi bibabaza benshi ndetse bigatuma babombokera aho bishakiye, bakanyuranya n'ubushake bw'ababyeyi babo.
  • Gira ico uvuze

Gira icyo uvuze

Uri KANDA WINJIRE Injira usige ubutumwa.

Copyright © 2017 All Rights Reserved.

Search

Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top

Optimization WordPress Plugins & Solutions by W3 EDGE