Trulli
General Major Pontien Gaciyubwenge, wahoze ari umukuru w’Ingabo arahigwa n’igihugu c’Uburundi…
0 Comment 177

General Major Pontien Gaciyubwenge, wahoze ari umukuru w’Ingabo arahigwa n’igihugu c’Uburundi…

AYO MUMAHANGA

BURUNDI, BUJUMBURA – Ku minsi 06/05/2018 Igihugu c’u Burundi catanze itangazo ryo guhiga Gen Major Pontien Gaciyubwenge, wahoze ari umukuru w’ingabo z’igihugu c’u Burundi.

General Major Pontien arazira icaha co kuba yari k’urutonde rw’abantu bari bafite umugambi wo guhirika ubutegetsi bwa Perezida Petero Nkurunziza. Ibi byavuzwe mu itangazo ryatanzwe n’umunyamabanga mukuru w’uru rukiko rw’igihugu, Anges Bangiricenge aho yavuze ko ndetse harimo na bamwe mu bahawe ubuhungiro mu gihugu c’Uburundi nabo bivugwa yuko bari bafite umugambi wo guhirika ingoma iri k’ubutegetsi.

Gen Majo Pontien Gaciyubwenge uvugwa kuba yari afite umugambi wo guhirika ubutegetsi…

Biravugwa kandi ko n’abashizwe kuri runo rutonde rwo gushaka guhirika ingoma ya Perezida Nkurunziza harimo bamwe mu bandi basirikare bakomeye mu gihugu nka Gen Gedefroid Niyombare, bivugwa ko ari nawe wari uyuboye uyu mugambi wo guhirika iyi ngoma ya Perezida Nkurunziza.

Nyuma y’aho byamenyekaniye ko Gen Pontien Gaciyubwenge ari mu bantu bateguye uyu mugambi wo guhirika ubutegetsi ingoma ya iriho, biravugwa ko ari nabwo yahise afata indege arahunga yitwaje ko agiye m’uruzindiko rw’akazi mu mahanga, ariko kandi bikaba bivugwa ko atavuze igihugu azindukiye mo.

Tubibutse bivugwa kandi ko Gen Pontien Gaciyubwenge, kuri ubu abarizwa k’umugabane w’u Burayi, aho bivugwa ko yoba yahungiye kubera impamvu z’umutekano we.

Hari hashize iminsi itari mike igihugu c’Uburundi gisa n’igitekanye ugereranije n’indi myaka yatambutse aho havugwaga umutekano muke mu gihugu. Abantu batari bake bahasize ubuzima abandi barakomereka ubwo habaga imishamirane hagati y’ubutegetsi n’abaturage.

Turabibutsa kandi ko uyu Gen Major Pontien Gaciyubwenge yari abarizwa mu ishaka CNDD- FDD, riri ku butegetsi, ariko kuri none biravugwa ko atakiri umunyeshaka waryo bitewe n’umugambi mubi yari afiteye ubuyobozi buri ku ngoma. Gen Pontien yayoboye imyanya itandukanye mu gisirikare cy’u Burundi kuva mu mwaka wa 2010 aho Perezida Nkurunziza bivugwa ko yari amufitiye icizere akaba ari nabwo yamugize Minisitiri w’Ingabomu mwaka wa 2015.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top