Trulli
Felix Tshisekedi umukuru w’igihugu musha ntarabona inzu yo kubamwo
0 Comment 139

Felix Tshisekedi umukuru w’igihugu musha ntarabona inzu yo kubamwo

IMUHIRA

KINSHASA, KONGO – Umukuru w’igihugu musha Felix Tshisekedi warahairiye kuyobora Congo ku minsi 24 ukwezi kwa mbyeyi uyu mwaka, yabaye agiye mw’icumbi ry’agateganyo mugihe agitegereje ko abona aho kuba.

Akimara kurahira nibgo ikibazo c’icumbi cagaragaye, maze arara ijoro rimwe muri hôtel Kempinksi bukeye bgaho nibgo yabaye agiye kuba acumbikiwe mu mazu yitiriwe ubumwe bg’afurika (cité de l’Union africaine), amazu yubatswe mu mwaka 1967 kugira ngo azakire abakuru b’ibihugu bari bitabiriye inama ya 4 y’umuryango yabereye Ikinshasa.

Vidiye Tshimanga umuvugizi wa Felix Tshisekedi yavuzeko haciriritse ariko ko ari ahagateganyo, ko bategereje kwimuka gusa ntiyavuga aho umukuru w’igihugu azimukira.

Mobutu akimara kwirukanwa k’ubutegetsi, ingoro yari iy’umukuru w’igihugu yarasahuwe aho kugeza ubu yabaye umusaka idatuwe. Laurent Desire Kabila wamusimbuye we yihitiyemwo gutura muyindi ngoro “palais de marbre” ari namwo yarasiwe maze umuhunguwe Joseph Kabila wamusimbuye ntiyashima kuyituramwo atura munzu GLM yari iya Litho Moboti wari nyirarume wa Mobutu bivugwako yoba yari yarayigabiye mwishwa we Mobutu igihe ca zairanisation.

Umwe mu bajyanama ba Joseph Kabila yabgiye Rfi dukesha iyi nkuru ko umukuru w’igihugu ucuye igihe adashobora kwimuka mur’iyi ngoro yari imaze imyaka 18 icumbitsemwo umukuru w’igihugu kuko itakiri inzu ya leta ahubgoko Kabila ariwe wabaye nyirayo.

Iyi nkuru ikimara kujya hanze, abo mumuryango wa Litho Moboti wari nyirarume wa Mobutu bahise batanganza ko inzu GLM Joseph Kabila avugako ari iye ntaho yigeze ayigura n’uyu muryango uvugako ari iyawo.

Author

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top