Trulli
Bukavu: Abantu 5 barishwe, amazu 26 arasahurwa mu mayinga abiri gusa ahitwa Bagira.

Bukavu: Abantu 5 barishwe, amazu 26 arasahurwa mu mayinga abiri gusa ahitwa Bagira.

IMUHIRA

BUKAVU, CONGO – Ku minsi 02/11/2018 amakuru dukesha bamwe mu baturage ba Bukavu avuga yuko abantu batanu aribo bishwe mugihe amazu agera kuri 26 nayo yasahuwe n’abantu bitwaje imbunda; biranavugwa yuko hari n’ibintu byinshi byibwe n’aba bantu bitwaje imbunda mu mayinga abiri ashize ahitwa Cikonyi, Kanoshe ndetse na Mulambule, aha nimuri komine ya Bagira, mumuji wa Bukavu.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Okapi, bivugwa yuko ku munsi w’ejo hashize n’akane, tariki 01/11/2018 hari umusore w’imyaka 22 y’amavuka washimutswe n’abantu batabashije kumenyekana. Uyu musore yatwawe n’abantu bivugwa yuko bari mumodoka. Umuryango ndetse n’abaturanyi b’uyu musore bakaba batewe impungenge no kubura k’uyu musore.

Nkuko bikomeje kuvugwa, nyuma yo kubura irengero ry’uyu musore. Aba bakoze aya mahano kandi bivugwa yuko bateye inzu zibiri z’abaturage ndetse bakanasahura amafaranga agera ku madorari 300 y’Amanyamerika hamwe n’ibindi bikoresho bisanzwe byo munzu. Ibi bikoresho byo bivugwa ko byibiwe muri distriki ya Kanoshe ndetse na Cikera.

Iki kinyamakuru kivuga yuko iyi komine ya Bagira ari imwe mu makomine arangwamo umutekano muke muntara ya Kivu y’amaj’epfo  bitwe n’ubwicanyi bikomeje kuyirangwamo. Kubera umutekano muke biravugwa yuko abaturage b’iyi komine bemerewe gutunga imbunda nkuko byemejwe na Claude Nyamugabo, guverneri w’intara ubwo yatanze itegeko rihangurira abaturage kubika imbunda (Operation Tujikinge) nyuma yo kubona ko abantu bakomeje kwicwa bazira akarengane.

Iyi Operation Tujikinge yemejwe na guverneri nyuma yaho abantu benshi bakomeje kwiba mungo zituwe n’abantu mu masaha y’ijoro.

Nkuko bivugwa n’umuyobozi wa komine ya Bagira, we avuga yuko akarere ayoboye ariko karimo umutekano ugereranyije n’utundi duce two mumuji wa Bukavu.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top