Birabujijwe gutwara inkuru zacyu utabifitiye uruhusha, Twandikire udusabe uruhusha mbere yuko ukora ibyo wifuza

Trulli
Bga mbere Felix Tshisekedi yagejejejweho ikibazo c’abanyamurenge kuva yatorerwa kuyobora igihugu ca Congo

Bga mbere Felix Tshisekedi yagejejejweho ikibazo c’abanyamurenge kuva yatorerwa kuyobora igihugu ca Congo

IMUHIRA

ADDIS-ABEBA, ETIYOPIYA – Ubgo yitabiraga inama ya 32 y’abakuru b’ibihugu bigize ubumwe bg’afurika, umukuru w’igihugu Felix TSHISEKEDI yakiriye abakongomani batuye mu gihugu ca Ethiopia, avugako  ikibazo c’abanyamurenge akizi kandiko azagikurikirana.

Bigirmwami Jacques Kongolo uhagarariye impunzi z’abanyamurenge ziri muri Etiyopiya yabgiye INA k’umurongo wa telephone ko igihe umukuru w’igihugu yabakiraga yamsobanuriyeko nubgo ariwe munyamurenge wa mbere babonanye kuva yatorwa, ibibazo by’abanyamurenge nko guhora bitwa abashitsi abizi kandi  azabyitaho.

Bimwe mu bibazo uhagarariye abanyamulenge muri etiyopiya yagejeje k’umukuru w’igihugu harimwo kuba izina umunyamurenge ryarabaye nk’igitutsi, bagahora batotezwa burigihe bazira uko baremwe guverinoma  irebera, ikibazo c’abantu bafungiwe iKinshasa ngo nugbo harimwo abakoze ibyaha hari n’abandi benshi barengana amusaba ko yobarenganura.

Yanamugejejeho kandi ikibazo c’iterambere ry’imurenge anamusaba kuzahasura, umukuru w’igihugu yamusubijeko azabishira muri gahunda n’ubgo bitaba vuba ariko Imana izabimufashamwo.

Tumubajije  nimba nyuma y’impinduka z’ubutegetsi ndetse no kubonana n’umukuru w’igihugu biteguye gutaha, Bigirmwami Jacques yasubijeko hakiri vuba ko botekereza gutaha, kuko ico bifuza n’uko umutekano usesuye woboneka hose mugihugu,

Yanabgiye kandi umukuru w’igihugu ko abanyamurenge bamushigikiye ndetse ko bishimiye ko yatsinze amatora, kabone nubgo benshi mubanyapolike babo bari muri FCC.

Impunzi z’abanyamurenge zigera kuri 200 ziri mu gihugu ca Etiyopiya kuva 2002, bimwe mubibazo bahuye nabzo muri iki gihugu ahanini ni abantu biyitiriraga abanyamurenge kandi ataribo, ibi bigateza urujijo ariko kuva aho bahagurukiye bakabyamagana ubu umunyamurenge azwi neza haba mu nzego z’iki gihugu ndetse na UN ubu ngo ntawoba acitiranya umunyamurenge.

Niyinga kuminsi 10 ukwezi kwa rugaryi 2019, nibgo Felix Tshisekedi yageze muri Etiyopiya aho yitabiriye bga mbere nk’umukuru w’igihugu inama ya 32 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’afurika yunze umwe aho yanatorewe kuba umuyobozi wa 2 (2e  vice-président) w’uyu muryango ubu uyobowe na Abdel Fatah al-Sissi umukuru w’igihugu ca Misiri wasimbuye Paul Kagame k’ubuyobozi bga AU.

Biteganyijweko umukuru w’igihugu agera iKinshasa uno munsi nakabiri,  nyuma yaho yitabiriye inama ya 32 ya AU, aho yanasuye  ibihugu bya Kenya, Ango,Congo Brazaville mw’iyinga rishize.

Author

2 Comments

  1. Fidele 15/02/2019 at 10:05 AM

    Muri abanyamakuru beza mukomeze mugezeho urwo rubanza rwa ndayambaje
    Arikose nimba atari ibanga niki yamuhanuriye ?

  2. Lorentz 13/02/2019 at 9:46 AM

    Murakoze ku makuru meza muzamutubwira. Ikindi nshima chane nuko mwandika munvugo yachu y’I kinyamulenge, nitwe tugomba kuyiteza imbere

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top