Ambasaderi wa Tanzania muri Congo yasuye imirambo y’abasirikare 14 bishwe na ADF…

Ambasaderi wa Tanzania muri Congo yasuye imirambo y’abasirikare 14 bishwe na ADF…

IMUHIRA

BENI, CONGO – Nakazirimwe ku minsi 11/12/2017, ambasaderi wa Tanzania muri Congo yasuye imirambo y’abasirikare 14 bishwe nakane n’inyeshamba za ADF…

Imbere y’imbaga y’abasirikare ba MONUSCO, amasanduka y’imirambo 14, yororoshwe ibendera ya UN n’iya Tanzania yashizwe imbere y’abitabiriye uyu muhango.

Userukiye MONUSCO muri Congo, David Gressly imbere y’imirambo…

Mw’ijambo rye yashikirije abitabiriye uyu muhango, General Leon Mushale, uyoboye ingabo za FARDC, yavuze ko iki gikorwa c’ubunyamanswa kigomba gukurikiranwa ndetse n’izi inyeshamba za ADF zigahigwa kugeza zifashwe zose.

Tubibutse ko aba basirikare ba MONUSCO bishwe n’inyeshamba za ADF nakane ku minsi 7/12/2017 ahagana Mbau-Kamango. Iki gitero caje kugwa mo ndetse n’abamwe mu abasirikare ba FARDC kuko izi inyeshamba zarwanyije impande zombi.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top