+243 815 677 058   [email protected] Abasoda baraye barashe inka mu Minembwe bafashwe
Mon. Dec 16th, 2019

Mulenge Press Channel

Abasoda baraye barashe inka mu Minembwe bafashwe

Imwe mu nka zaraye zirashwe

MINEMBWE, SUD KIVU – Mur’iri joro ryashize rishira n’Akazirimwe, ku munsi 10/11/2019, amasasu yaraye yumvikanye mu Minembwe mu muhana wo Kurunundu. Bukeye nibwo byaje kumenyekana ko ari inka zarashwe.

Mu gitondo c’uyu munsi igiporisi ndetse n’igisoda bazindutse bakora ipererea maze baza gusanga byakozwe na bamwe mu basoda ba FARDC bari basinze. Aya masasu yafashe inka zine, zibiri zihasiga ubuzima ako kanya ariko kubg’amahirwe nta muntu wakomeretse cangwe ngo ahasige ubuzima, gusa amwe mu mazu yatobowe n’amasasu.

Ibi byaje kwemezwa n’umukuru w’akarere ka Minembwe mu kiganiro yakoranye n’umunyamakuru wa imurenge.com uri mu Minembwe. Yavuze ko abo basoda bafashwe koko kandi kur’ubu bategereje ubutabere bw’igisoda ko bukora akazi kabo.

Kanda hano hasi maze utegere ikiganiro twagiranye n’umukuru w’akarere ka minembwe.

 

Iki kibazo sibwo bwambere kibaye, ibikorwa nk’ibi by’urugomo bigenda bikorwa n’ingabo z’igihugu mu bice bitandukanye¬† by’igihugu. Izi ngabo zazanwe muri kano karere zije kugarura amahoro muri kano karere kari kamaze iminsi kibasiwe n’abarwanyi ba Mai Mai.

PLEASE ADVERT WITH US
Sangiza Abandi Inkuru

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *