Trulli
Abas Kayonga Dada yahagaritswe ku mirimo, icemezo ca mbere gikomeye guverineri Nyamugabo afashe

Abas Kayonga Dada yahagaritswe ku mirimo, icemezo ca mbere gikomeye guverineri Nyamugabo afashe

IMUHIRA

Abas Kayonga Dada wahagaritswe ku mirimo ye.

  BUKAVU, CONGO –  Mw’itangazo ryanyuze kuri radio na televiziyo y’igihugu RTNC  kuri uyu wagatatu ku minsi, 2/11/2017,guverineri Nyamugabo yahagaritse mu nshingano Abas Kayonga Dada, uhagarariye ishami rishinzwe kurwanya magendu mu ntara ya kivu y’amajepfo.(Cellule anti-fraude minière au sud-kivu).

Muri iri tangazo Abas Kayonga  arashinjwa kutubahiriza inshingano ze (Manquement grave dans l’excercice de ses fonctions).

Imurenge.com, yifuje kuvugana na Kayonga Dada ntibyashoboka atubwirako ari mu nama.

Abas Kayonga ni umwe mubayobozi b’icama ca FRF(Gumino) cahoze kirwanya leta ya Kinshasa mu mizozi ya Minembwe, yahawe izi nshingano ubwo bagirana imishikirano na leta maze bakemera gushira intwaro hasi .

Mu gihe iki cemezo caba kidahindutse, abantu benshi bashobora kuhatakariza imirimo kuko iyi niyo serivise ya leta ifite abakozi benshi bakomoka mu misozi miremire ya Minembwe, benshi muribo bakaba biganjemo urubyiruko ndetse nabasezerewe mu ngabo.

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top