Abarwanyi ba fdlr 2 bagize uruhare mu kunyaga muri mukoko no mu mikenke boherejwe i buvira muri dddrr monusco

Abarwanyi ba fdlr 2 bagize uruhare mu kunyaga muri mukoko no mu mikenke boherejwe i buvira muri dddrr monusco

AFRIKA

Imbunda yarashe

MINEMBWE – Mariko Mugabo na Felly, abarwanyi ba FDLR bagize uruhare  mukunyaga Entreprise Iterambere yohereza ndetse ikakira amafaranga, boherejwe i Buvira muri DDDRR Monusco.

Abo barwanyi ba FDLR  hamwe n’abagenzi babo 18  bakaba baranyagiye umukozi wa Entreprise iterambere muri Nyarubi ifaranga zirenga 3000$ ndetse banyagira abacurizi muri mukoko bari bavuye mu Minembwe berekeza i Buvira.

Mbere yuko boherezwa i Buvira ku mugoroba wo kuri rino  posho kuminsi 21/02/2016, Mugabo Mariko, umurwanyi wa FDLR akaba yabwiye itangaza makuru ko bavuye mu Rubumba ari 14 bageze mu Gipupu bahanzanga  Mai Mai 6 zagiye zibereka inzira.

Uyu mu rwanyi wa FDLR akaba yemera ko bagenzi be, barimo Felly wari umukozi wa Monusco aribo banyanze ibihumbi 3000$ bya Entreprise Iterambere ndetse ba narasa ADJ Manzongo Jean Claude, umusirikare wa FRDC.

Mariko Mugabo akomeza avuga ko bagiye bagabana izofaranga aho umwe yatwaraga ibihumbi 13000fc ariko isakoshi yarimo  ifaranga ibihumbi 3000$ itwabwa na Felly wari umurinzi wa Major Usengamana.

Munama Monusco yariyagiranye n’ubuyobozi bwo mu Minembwe  kane k’iyinga rishize ku minsi 18/2/2016 yari yavuze ko bazashikiriza izo FDLR  inzego z’ubutabera bwa Congon ndetse bagakora iperereza kuri zo faranga bavuga ko Felly afite, igitangaje nuko Monusco yaburije indege itavuze icavuye mw’iperereza yavuze ko iri gukora kuri zo faranga zanyazwe.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Search

Back to Top