+243 815 677 058   [email protected] Abantu bagera kuri 40 bishwe n’icorezo ca Choléra mu mezi 3 ashize mu ntara ya kivu y’amajepfo
Mon. Dec 16th, 2019

Mulenge Press Channel

Abantu bagera kuri 40 bishwe n’icorezo ca Choléra mu mezi 3 ashize mu ntara ya kivu y’amajepfo

VLUU L100, M100 / Samsung L100, M100

Kadutu abaturage babona amazi bibagoye

BUKAVU, CONGO –  Mu mezi 3 ashize mu ntara ya kivu yamajepfo hagaragaye abantu bagera kuri 10 500 bafite icorezo ca Cholera ndetse 40 muribo bahitanwe naco.

Ku munsi wejo nakane 2/11/2017 nibwo mu muji wa Bukavu hateraniye inama yabagize inzego zubuzima batandukanye mu rwego rwo kwiga hamwe uburyo iki corezo cahagurukirwa.

Nyuma ya Minova mu gace ka Kalehe, umuji wa Bukavu uza ku mwanya wa kabiri mu kugira abantu benshi bagaragayeho iki corezo, abantu bagera kuri 1625 muri Bukavu bose banduye iki corezo.

Minisitiri  wubuzima mu ntara ya Kivu yamajepfo Dogiteri Vincent CIBANVUNYA witabiriye iyi nama yavuzeko bwari uburyo bwo guhura nabafatanyabikorwa mu rwego rwo kurwanya iki corezo mu ntara yose by’umwihariko mu muji wa Bukavu.

Ku bufatanye bw’ubuyobozi bw’umuji ndetse nikigo gitanga amazi n’umuriro, REGIDESO, bumvikanyeko hagiye kuvugururwa aho abaturage bavoma amazi hagera kuri 7 kugirango abaturage barusheho gukoresha amazi meza.

Abafatanya bikorwa bose bitabiriye inama bavuzeko bagiye guhagurukira iki kibazo kugirango abaturage barusheho gukoresha amazi asukuye.

Minisitiri w’ubuzima yaboneyeho gusaba abaturage kubahiriza amabwiriza yisuku kugirango kuko bizabarinda iki corezo .

Tubibutseko iki corezo catangiye kuvugwa muriyi ntara mu kwezi kwa 8 uyu mwaka .

PLEASE ADVERT WITH US
Sangiza Abandi Inkuru

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *