Abantu 5 baguye mu gitero ca gabwe n’inyeshamba za mai mai i Kirembwe…

Abantu 5 baguye mu gitero ca gabwe n’inyeshamba za mai mai i Kirembwe…

IMUHIRA

KIREMBWE, CONGO – Ku minsi 11/01/2018 haravugwa imirambo y’abantu batanu yatowe, baguye mu gitero cabaye niyinga cagabwe n’inyeshamba za mai mai ku ngabo za FARDC mu muhana w’i Kirembwe.

Hari haciye kabiri izi nyeshamba za mai mai zisa n’izituje ariko bikaba bivugwa ko ubu zongeye kwangiriza no kwica abaturage nkuko byatangajwe na leta ya Congo.

Amakuru atugeze ho avuga ko aba bantu bishwe niyinga ariko kuko byabereye ahantu hategereye imirongo ya za telephone, ntawigeze amenya ibyabaye kuko cabaye igitero gitunguranye mugihe n’imwe mu mirambo yari yaburiwe irengero.

Biravugwa ko muri aba bantu bapfuye harimo abaturage batatu ndetse na babiri kuruhande rw’inyeshamba za mai mai. Muri aba baturage bapfuye havugwa mo umuyobozi w’umuhana w’i Kirembwe n’umuhungu we bishwe n’inyeshambaza mai mai mbere y’uko imirwano itangira.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Back to Top