Trulli
Abantu 30 bahitanwe n’impanuka y’imodoka muri Kenya…

Abantu 30 bahitanwe n’impanuka y’imodoka muri Kenya…

AFRIKA

NAIROBI, KENYA – Mu gihe abantu benshi ku isi bizihiza kurangiza umwaka, abaturage bo mu gihugu ca Kenya bo bari mumarira. Ubuyobozi bwo muri Kenya bwavuze yuko abantu bagera kuri 40 aribo bapfuye mu mpanuka y’imodoka zibiri zagonganye.

Biravugwa ko iyi mpanuka yatewe n’imodoka yo mubwoko bwa Bus yagonganye n’ikamyo, iyi mpanuka yabaye mugitondo ca none niyinga mugihe abantu benshi bari biteguye kurangiza umwaka bishimana n’imiryango yabo.

Abantu barenga 30 nibo bahitanwe n’iyi mpanuka, biravugwa ko hari n’abandi benshi bakomeretse ndetse banajanwe ku bitaro biri muri ako karere kuvurwa.

Biravugwa ko hari amabarabara menshi yo muri Kenya akunze kubamwo impanuka ninshi cane.

Imurenge.com, turanakomeza abakoretse ndetse turihanganisha imiryango yabuze ababo. Imana ibahe iruhuko ryiza.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top