Trulli
Abakekwa kuba baranyaze umugenzi i Gakenke bafashwe

Abakekwa kuba baranyaze umugenzi i Gakenke bafashwe

IMUHIRA

MINEMBWE, SUD KIVU- Ejo n’Akane nibgo humvikanye amakuru y’umugenzi wanyagiwe i Gakenke avuye Mumagunga. Igipolisi kiremeza ko cataye muri yombi abasore babiri bakekwa ko aribo bakoze ico gikorwa c’ubugizi bga nabi.

Umukuru w’igipolisi ca Congo mu karere k’imisozi miremire, Muyoboke Eric, aremeza aya makuru akavuga ko bazindutse bata muri yombi abo basore kur’ubu bakaba barimo gukorwaho iperereza.

Muyoboke arasaba abaturage gukomeza gukorana bugufi n’igipolisi c’igihugu kuko biborohereza mu kazi kabo.

Ejo nibgo uwo mugenzi yambuwe ibye, akaba yaranyazwe ifaranga zishika ku madorali majana atatu ($300) ndetse na telefone ngendanwa.

Kunyagwa bikomeje kugenda bigaragara mu karere ka Minembwe ku buryo nta minsi ibiri igishira hatumvikanye ibikorwa by’ubgibyi. N’agatatu hunvikanye ibikorwa bisa nkibi kandi Irundu, abagenzi banyazwe bakaba bari bavuye mw’isoko ry’Agatatu. Kur’uyu munsi w’Agatanu humvikanye kandi ibikorwa by’ubgibyi, abantu bitwaje imbunde bakaba bari bategeye abagenzi kuri UGEAFI k’uburyo bamwe mur’abo bagenzi batabashije gukomeza maze bagaruka kurara mu Madegu.

Aba bagizi bani bakoresha imbunda mu kunyaga abagenzi, ibi biremezwa n’umukobga witwa Nyabaruta we yanyagiwe muri Nyarubira uyu munsi.

1 Comment

  1. Rev Mujanama levis 13/10/2018 at 12:20 PM

    Yeme ico kintu co kwiba abaturage kdi kigakorwa nabana bacyu nikibi c ane police nishireho ibihano bikomeye bizatuma abandi batinya gukomeza kunyaga hataraba ibihano ngo hagire abapfa bazize uwo mwuga abandi bamugare nta kizabakiza kuko abantu benshi batunze imbunda mumazu kuzibakiza ntabwo byoroshe
    Ikindi nugushira ho andi ma groupe yubutasi cge maneko ifasha police gutanga information.

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top