Birabujijwe gutwara inkuru zacyu utabifitiye uruhusha, Twandikire udusabe uruhusha mbere yuko ukora ibyo wifuza

Trulli
Abafite ibibanza bitubatse mu Minembwe barakengurwa.

Abafite ibibanza bitubatse mu Minembwe barakengurwa.

IMUHIRA

BUKAVU, SUD-KIVU – Mukiganiro na Imurenge News Agency, umuyobozi wa komini Minembwe yavuzeko ibibanza bitubatse mu Minembwe biri mubibangamiye imyubakire myiza ya Komini Minembwe.

Kwubaka ivile ya Minembwe ni kimwe mubiraje inshinga Komine ya Minembwe, nkuko bitangazwa na Mukiza Gadi umuyobozi wa komini Minembwe.

Uyu muyobozi avuga kandi ko bafite ikibazo c’abantu bagiye bagura cangwe basiga ibibanza mu Minembge kandi bakaba badahaye babyubaka, bityo bakaba basaba kandi banakengura ba nyiri ibi bibanza kwubyubaka kuko ngo amategeko azakurikizwa ku bantu batazashobora cangwe badashaka kubyubaka.

“Uko twegera leta niko tuzana amateko akomeye, azoremerera barya bantu batazabumva uko ibintu bigenda, ntawifuzako undi muntu yonyagwa ikibanza ciwe yarakiguze amafaranga yiwe, yarakibonye mubundi buryo, …”

Itegeko ry’ubutaka ryo mu 1973 (rihaye rivugururwa) riha aba chefu (chefs coutumiers) ububasha bgo gutiza abo bayoboye ubutaka (ibibabanza) bgo guturaho, guhinga no kwororeraho nabo bagahabga imyaka 5 yo kuba barangije kubukoresha ico bugenewe, iki gihe carangira ntaco bukoreshejwe leta ikabusubirana.

Author

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Imurenge News Agency.

Back to Top