+243 815 677 058   [email protected] Abadandaza b’inka bararega ingabo za FARDC ziri Irwiko kuba inyuma yigitero canyaze inka zirenga 100
Sat. Dec 7th, 2019

Mulenge Press Channel

Abadandaza b’inka bararega ingabo za FARDC ziri Irwiko kuba inyuma yigitero canyaze inka zirenga 100

Imwe mu nka z'inyamurenge

MINEMBWE, SUD-KIVU – Niposho, ku minsi 27/07/2019 nibwo umuyobozi w’itsinda ry’abadandaza b’inka zija Kindu na Mbujimayi hamwe n’umuyobozi mukuru w’aborozi, muri teritware ya Fizi bageze Uvira, gutanga ikirego muri leta ko ingabo za FARDC arizo zagabye igitero ku badandaza b’inka.

Nkuko aba bayobozi babitangarije urubuga www.imurenge.com, bavuga yuko intego y’uru ruzinduko Uvira baje gusaba umuyobozi mukuru w’ingabo za leta zikorera mukarere, General RUGAYI David, gukurikirana ikibazo c’inka zabo bavuga ko zanyazwe n’ingabo ayoboye za FARDC zikorera ahitwa i Rwiko ziri inyuma y’igitero bagabwe ho.

Nkuko twabyiganiwe na Murama Elias, umwe mugize ir’itsinda ry’abadandaza b’inka bagera kw’icumi na batanu (15), yavuze yuko ubwo bari baraye mubirindiro by’abasoda ba FARDC, ihitwa i Rwiko hageze kugihe c’isaha zibiri z’ijoro maze bagabwaho igitero c’abantu bitwaje imipanga, amacumu ndetse n’imbunda, babanyaga inka zabo bari bashoreye.

Aba badandaza bakaba bahamya ko iki gitero cagabwe n’abasoda ba FARDC bari babacumbikiye iryo joro ko aribo zagiteguye ndetse bagashira mubikorwa ico gitero; muri iryo joro inka 104 munka 285 nizo zaburiwe irengero munka bari bashoreye berekeje i Kindu na Mbujimayi, aho bari basanzwe bakorera akazi kabo k’ubudandaza.

Murama Elias yakomeje avuga ko ibyabaye byose babirebeshaga amaso aho baribihishe. Yongeraho avuga ko batangajwe cane no kubona baranyazwe n’abantu bari bakwiriye kubarindira umutekano wabo. Iyi akaba ari nayo mpamvu batabaye bagikomeza kunyura mur’iyi nzira ahubwo bahise mo gusubira inyuma kuko batari bakicizeye umutekano wabo n’inka bari bagisigaranye.

Hari andi makuru avuga yuko izi nka zajanwe ahitwa i Lombwe ndetse ko zoba zarahujwe n’izindi nka zirenga mirongo itandatu (60) zanyagiwe ahitwa kwa Kagembe, Nakane ku minsi 25/07/2019.

Tubibutse yuko hariho andi makuru avugwa yuko hariho ababahungu b’abadandaza bane (4) bafatiwe ahitwa Rusange byakomeje kuvugwa yuko bakiriho ariko mu mwanya muto bikaba byemejwe yuko aba basore batakiri kw’isi y’abazima. Biravugwa yuko aba basore bose bishwe nyuma yo gufatwa.

Muri aba basore bishwe hakaba havugwamo Gapapa Sebitereko,Murama Sidori wapfanye na muramuwe ndetse n’umusore ukomoka mu Burundi warusanzwe akora akazi ko kuragira inka.

 

 

PLEASE ADVERT WITH US
Sangiza Abandi Inkuru

1 thought on “Abadandaza b’inka bararega ingabo za FARDC ziri Irwiko kuba inyuma yigitero canyaze inka zirenga 100

  1. ibibintu bizageza ryari koko akaka karengane kadashira tuzakabamo kugeza ryari twabihagurukiye koko ?

Leave a Reply

Tanga Ibitekerezo.

Your email address will not be published. Required fields are marked *