Abacukuzi bamabuye yagaciro bagera kuri 1000 bagotewe mu kuzimu

Abacukuzi bamabuye yagaciro bagera kuri 1000 bagotewe mu kuzimu

AFRIKA

SOUTH AFRICA, JOHANNESBURG –  Kuva ku mugoroba wejo ku munsi wakane, ubutabazi bwaribugikomeje kugirango abakozi bagera kuri 1000 bacukura amabuye yagaciro batabarwe nyuma yo kumara amasaha 24 bagotewe mu kuzimu kubera umuyaga udasanzwe wabinitse.

Uyu muyaga udasanzwe watewe numushitsi watumye ibyuma bizamura abantu i musozi binanirwa gukora bityo aba bakozi bahera mu kuzimu, ibi byabereye mu kirombe kiba mu gace ka Welkom.

Hagataho kuva ejo aba bakozi ngo baba baribagihumeka.Igihugu ca Afrika y’epfo nico gihugu cambere kwisi kigira amacukuriro maremere yamabuye yagaciro uja mu kuzimu.

Tubibutseko umwaka wa 2015, abakozi bakora mu butare bgamabuye yagaciro bagera kuri 77 bitabye Imana.

 

 

Gira Ico Uvuze kuri iyi nkuru...

Copyright © 2012 - 2018 - All Rights Reserved. Uru rubuga rugenzurwa na Humura, Inc.

Search

Back to Top