General Ruhorimbere Eric ni muntu ki? Kurikirana ikiganiro yagiranye na Impamo.org


CONGO - Nyuma yuko uwari Colonel Ruhorimbere agizwe General de Brigade, twashatse kuganira nawe kugira ngo tumenye amwe mu mateka ye. Dore ikiganiro twagiranye nawe:



 



Impamo.org: Witwa nde, wavukiye he?



General Ruhorimbere: Nitwa RUHORIMBERE Eric; navukiye Irundu mu Minembwe muri groupement y’Abashimunyaka, mw’izone y’i Fizi, muri Kivu y’epfo ku minsi 16/07/1969.



 



Impamo.org: Winjiye igisoda ryari? Hehe?



General Ruhorimbere: Ninjiye igisoda muri 1991 mu gihugu ca Uganda mu rugamba rwo kubohoza u Rwanda; ico gihe twagiye turi abana b’Abanyamurenge benshi.



 



Impamo.org: N’iki caguteye kuja mu gisoda? Kandi kubera iki mwahisemo kuja Uganda cangwa mu Rwanda?



General Ruhorimbere: Mbere yuko tuja mu gisoda, hariho akarengane kenshi kakorerwaga ubgoko bgacu kandi ico gihe kuba umusoda wa ZAIRE ntaco byari gufasha cane ubwoko. Byabaye ngombga yuko tuja gushaka ahantu twakorera igisoda c’umwuga kugira ngo tuzabashe kurengera ubgoko. Mu Rwanda twajanwe n’ishaka rya bene wacu b’i Rwanda; tumaze gutsinda urugamba biba ngombga ko tugaruka iwacu kurengera bene wacu. Urwo nirwo rugamba duhoramo buri gihe kandi twizeye kuzarutsinda. 



 



Impamo.org: N’irihe pete rya mbere mwabonye mu gisoda? Nyuma n’izihe zindi mwabonye ?



General Ruhorimbere: Ipete ya mbere nabonye ni caporal; ico gihe nari nkiri mu gisoda c’u Rwanda. Nyuma nanone nongeye guhabga ipete rya Sergent n’ubundi nari nkiri mu Rwanda. Ngeze muri Congo nakomeje gufata indi myanya mu gisoda ariko ipete ryari ritarahinduka.



 



Impamo.org: Watubgira imwe muri iyo myanya wakozemo?



General Ruhorimbere: Nabaye chef platon (nayoboye paratuni), nyobora na company (abenshi bavuga ngo kampani), nayoboye na batallion naje no kuba chef des operation(G3) muri CNDP, nayoboye brigade kuva 2000-2003, RCD impa umwanya wa region wungirije i Bukavu.








General de Brigade Rohorimbere Eric



 



Impamo.org: Ni ryari wabaye colonel?



General Ruhorimbere: Nabaye colonel muri 2003 muri Congo.



 



Impamo.org: N’izihe ntambara warwanye? 



General Ruhorimbere: Narwanye intambara ninshi cane ku buryo ntabasha kuzivuga zose hano. Nabohoje u Rwanda na Congo (nafashe Bukavu, Kisangani, Kindu, Moba, Pepa, Pweto, ni henshi).



 



Impamo.org: Ubu ubaye umwe mu ba generaux ba Congo ndetse umwe muba generaux batandatu b’Abanyamurenge, wabyakiriye gute? Cangwa urumva bifite iyihe nsobanuro kubabyumva, urumva ari iki uzamarira ubgoko bgawe?



General Ruhorimbere: Nabyakiriye neza cane kandi byaranshimishije; n’ishema kuri nje, ku gihugu canje no ku bgoko bganje. Nashimye ko igihugu cahaye agaciro imirimo nagikoreye kikangororera. Nk’Umunyamurenge, gifite ibisobanuro byinshi: kigaragaza ko bimwe twarwaniraga [twaharaniye] ko byamaze kwemerwa nubgo byose bitaraja mu buryo ariko twizera ko n’ibindi bizagenda biza gahoro. 



 



Kubijanye n’ubgoko, n’inshingano zacu kurengera ubgoko bg’Abanyamurenge tubyitangiye rwose tukarenzaho no kurengera Abakongomani bose. Turasaba urubyiruko ko rwaza mu gisoda tukabatoza kugira ngo ejo tuzagire abo tugisigira, yuko mu minsi iri mbere kondabona tuhaye dusaza; none ababyeyi bazarindwa nande? Nimuze rero dufatikanye.



 



 



Impamo.org 



Rugoyera zaburi